Scroll to Top

Yaciye aboneraho akaryo k’ugushira ahabona igitabu ciwe

By La Rédaction /Published on Monday, 20 Mar 2017 03:17 AM // 269 views

Mw’ihayanishwa ryari ryateguwe kubera mu gisagara ca Moscou mu Burusiya, Uburundi bwaragize amahirwe mu kuronka agashimwe kitiriwe umunyafrika nyawe ”prix du meilleur africain”.

Impuzu abarundi bahora bambara kera, ingoma, ikinyobwa c’indimano hamwe n’ibindi bikoresho vyerekana akaranga k’Uburundi nivyo vyashoboye kwerekanwa muri iryo hayanishwa, aho abari baryitavye vyabahimbaye cane bamwe bagenda babitwaye amasanamu, abandi bakipfuza kwifatisha amasanamu bari kumwe n’abarundi bariko berekana ivyo bikoresho ndangakaranga vy’iwacu eka hakaba n’abipfuza ko bogenda babijanye mu mihana yabo.

Abari bateguye iryo hayanishwa bakaba bashikirije ako gashimwe umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro, Samson NDAYIZEYE, ari nawe yari yagiye aserukiye abarundi bitavye iryo hayanishwa.

Mu guhimbaza iyo ntsinzi Uburundi bwari burose, umuserukizi wabwo mu Burusiya, ambassadeur Edouard BIZIMANA, yaciye aboneraho gutegura ibirori vy’ukwiginana, aho abigeme b’abarundikazi basanzwe baba muri ico gihugu babiciye biracika mu kwerekana imvyino hamwe n’intambo z’ikirundi, eka vyari ibintu biteye igomwe.

Ambassadeur Edouard BIZIMANA akaba yaciye aboneraho akaryo k’ugushira ku mugaragaro igitabu yaheruka kwandika kijanye n’ivyese bivuga ku karanga k’Uburundi n’abarundi.

Categories : culture homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel