Scroll to Top

Rwanda | Oda Paccy ngo nta womwereka ubusa kw’i foto bavugako yabwerekanye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 20 Mar 2017 06:48 AM / / 1467 views

Umuririmvyikazi Odda Pacy avuga ko iyo shusho bamwagiriza ko yari yambaye ubusa ngo yayisohoye abibona kandi ko ata busa yari yambaye kuko atawobumwereka.

Umuririmvyikazi Odda Paccy arabeshuza amakuru avuga ko hari foto yashize yambaye ubusa iriko irakwirakwizwa hirya no hino ku mbuga ngurukanabumeyi. Iyo ikaba gushika ino saha aho hirya mu gihugu kibanyi c’Urwanda abagira ico bayivugako ari nk’umusenyi wo ku kiyaga.

Mu kiganiro yatanze kuri uno musi ku nsamirizi Flash Fm isanzwe ikorera i Kigali, yabajijwe nimba iyo foto ariwe yayisohoye canke barayimwivye. Yishuye avuga ki iyo photo ayizi kuko ari nawe yayishize hanze. Ngo igihe ayishira hanze yari yiteguye kuja mu giteramo nkuko yama abikora buri gihe.

Photo yagirizwa Oda Paccy kuba yari yambaye ubusa

Ku kibazo c’uko yari yambaye ubusa uwo muvyeyi yamenyesheje ko yari yambaye ata busa yari yambaye, ngo musi y’iyo shari ndende igera ku mavi yari yambaye, harimwo agakabutura gatoya(Bucikopa). Kubwiwe ngo nta wuvuga ko yari ahenye.

Bamubajije ico we yita kwambara Ubusa, uwo mwanditsi w’indirimbo “No Body” yavuze uwambaye ubusa ari uwuba ata kintu na kimwe abaya yambaye ku mubiri. Umuneyeshamakuru umwe mu bariko barakora ikiganiro yahavuye aca ashiramwo ikirungo muri ico kiganiro avuga ko mu ndirimbo yiwe “No Body” yakoreye muri Tanzania ngo harimwo amashusho aruto iyo bariko baravugako.

Yanabajije ko kuba ari umuvyeyi atari ikosa ariko arakora, yishuye ko ata kosa abibonamwo kuko kuba umuvyeyi atari ukwambara Imvutano (imishanana) ahubwo ngo n’ugushitsa ico umuvyeyi asabwa gukora. Kuko kubwiwe ngo ntiyokwemeza abantu ko ari umuvyeyi abanje kwambara izigera ku birenge.

Uwo muririmvyikazi akaba yarangije ikiganiro ciwe avuga ko asanzwe amenyereye abantu bafis vyinshi bavuga ku bintu, vyaba vyiza canke bibi ngo ukuyishira ahabona yabikoze nkana.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi yaheruka muri Tanzania gukorerayo amasanamu n’indirimbo vyose bishasha, iyo ndirimbo akaba yayise No Body, ayikora mu rurimi rw’igiswahiri mu ntumbero yo kwagura akarere yifatiye mu muziki wiwe nkuko yabiyagiye Indundi magazine mu kiganiro twagiranye.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Tagged as:

Add Comment

Comments (1)

basabose
2017-03-22 00:00:00

Iryo sutwa mwarishireko iki ?

Write a comment ...
Post comment
Cancel