Scroll to Top

Amasanamu y’indirimbo nshasha ya Babbi iriko ikorwa n’umuhinyanyuzi akomeye muri USA

By KING YANN COOL / Published on Monday, 20 Mar 2017 07:50 AM / /

Babbi ngo hari ivyo ariko arategura gushira ahabona inyuma y’ugushira ahabona Untill i Die akaririmbo kiwe gashasha.

Inyuma y’ugushira ahabona karirimbo kiwe gashasha yiwe Untill i Die, twashimye kuganira na Babby we nyene ubwiwe ngo agire ico atubwira kui iyo ndirimbo. Mu kiganiro gito cane twagiranye yatubwiye ko iyo ndirimbo yiwe nshasha iriko irategurirwa amasanamu n’umuhinyanyuzi akomeye cane.

Nayo ku kibazo c’uko iyo ndirimbo yiwe nshasha yaje itateguje, ngo nuko iyo ata buryo bwa Promotion bwari bwayiteguriwe, aca ashima kuyishira ku binyamakuru basanzwe bunze ubumwe. icatumye abazwa ico kibazo nuko indirimbo ziwe hafi nka zose zibanzwa kumenyeshwa imisi itari mike imbere kugira abantu bayitegurire.

Follow Me by Babbi RADIO TOUR | AFM Dodoma TZ with Kevoo Hard

Kurikira ikiganiro gito twabashije gukorana nawe

Indundi :  Hari akaririmbo kawe gashasha muheruka gusohora, abenshi ntibabimenye igihe gasohokera kandi mwari mukunze kubivuga hakiri kare, kuberiki?

Babbi : Bivanye nuko ata budget ya promotions yari yapangiwe nabonye yuko noyishira kuri media za team yanje gusa niyo mpamvu ntabibwiye beshi

Indirimbo zanyu ahanini muri kino gihe ziri mu rurimi rw’amahanga(swahiri, english) kuberiki wahisemwo kubikora uko?

Nuko nkeneye gukora world wide music so niyo mpamvu ndiko ndisunga cane izo ndimi

Iyo mukora indirimbo ubutumwa(Message) muba muriko muratanga ahanini muyitora mwisunze iki?

Ahanini mu gutunga(Kwandika) indirimbo zanje, message ndazironka bivanye na feeling  mba ndimwo muri ako kanya.

Turakunze kubona muca musohora na Video y’izo ndirimbo, mbega Untill i die yo ni gute?

Yes UNTIL I Die video iri mu nzira kandi iriko ikorwa n’umuhinyanyuzi akomeye muri Texas. Dangfilms afise n’ubushimwe amaze guhabwa nka awards ya 2016. 

Awards y’umuhinyanyuzi ariko arakora amasanamu y’indirimbo Until i Die

Mwomenya ko Babbi ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bamaze kwigarurira bimwe mu binyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu kibanyi ca tanzania. Akaba mu kiganiro yari yarigeze kugirana na Indundi Magazine yari yamenyesheje ko afise gahunda yo gufata afrika y’ubuseruko.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel