Scroll to Top

Mu myaka iri imbere Isabukuru ry’umuziki w’abigeme ngo rizoba riri ku rundi rwego

By KING YANN COOL / Published on Monday, 20 Mar 2017 10:00 AM / / 565 views

Abagore ngo bari bakwiye gushigikirwa bakanashirirwaho ibindi biteramo bibatuma berekana ingabire zabo.

Icipfuzo c’abategura isabukuru ry’umuziki w’umwigeme mu Burundi ngo nuko mu myaka nk’ine canke itanu iri imbere iryo sabukuru ryoba rigeze ku rundi rwego, rikaba riba mpuzamakungu. Ivyo vyashikirijwe na Bruno batazira Member umukuru w’ishirahamwe  ry’abaririmvyi mu Burundi, mu kiganiro yahaye Couleur Tropical ikiganiro gia kuri RFI., ari mu batungana iryo sabukuru.

S’uyo gusa kuko na bamwe mu bari muri ico giteramo cabereye kuri Club du Lac kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 ntwarante(3), baramenyesheje ko hari hakwiye ugushigikira umukenyezi muri vyose n’umuziki utibagiwe, ngo hari hakwiye ibindi biteramo nkivyo bituma abagore bashira ahabona ingabirano zabo. Uwo akaba yari Bachir Dia umuhinyanyuzi yabigize umwuga kandi akaba n’umwe mu basanzwe bashigikira abaririmvyi ngaha iwacu.

Ico giteramo cabaye kikaba cari catumiwemwo abaririmvyikazi batari bake barimwo Natacha, Rene Elodie, Linah Blanche, Thyti Love, Chany Queen hamwe n’umutumire w’iteka yaje ava mu gihugu ca kenya ariwe  Linda Alindi Namwaya akaba n’umutambukanyi w’umuririmvyi w’umurundi akorera mu gihugu ca Kenya ariwe Baino.

Mwokwibuka ko mu makuru yacu aheruka twabamenyesheje ko Natacha yamenyesheje ko kugira iryo sabukuru ribashe gushika no hagati mu gihugu ngo hakenewe ubufasha bw’abatari kuko iryo sabukuru ata buryo rifise bwo gushikana iryo sabukuru no hagati mu gihugu.

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel