Scroll to Top

#indundi Gospel | Kingdom Planter niko karirimbo gashasha k’umuririmvyi Yves Shaka

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 30 Mar 2017 08:41 AM / /

 

Yves shaka yasubiye muri Studio gukora indirimbo yise Kingdom Planter, muri yo hakaaba harimwo agace gasanzwe kanamenyekanye cane mu masengero ku bakirisu.

Yves Shaka n’umwe mu baririmvyi b’abarundi basanzwe baririmba indirimbo zihayagiza umukama. Uwo muririmvyi akaba adakora umudiho usanzwe umenyerewe cane muri ico gice c’abaririmvyi, ariko asanzwe aririmba umudiho wa Reggea usanzwe ukundwa n’ababa bafise ubutumwa burabisha ku bibazo abanyagihugu ahanini baba bafise.

Kingdom Planter

Song : KINGDOM PLANTER By: SHAKA@JAM RECORDS Track: ELI ARKHIS (UG)#Shakamento #Run_The_City

Posted by YveShaka on Thursday, March 30, 2017

Inyuma y’ukwitabira ibiteramo hamwe n’amasabukuru atandukanye yaba ari ay’aha iwacu,  canke ayo hanze y’igihugu mu mwaka wa 2016 akanawusohoramwo indirimbo yise “Yah Ndutiye”, Yves Shaka yashize ahabona agace gatoya ka Video ari mu nzu y’ubuhinyanyuzi ariko arakora iyindi ndirimbo twizera ko izoja ahabona Vuba cane.

Muri Iyo ndirimbo hakaba harimwo igice gisanzwe kimenyerewe mu masengero, ariko ikaba isa n’iyahinduriwe umudiho akayishira muri wa mudiho asanzwe akunda. Yves Shaka akaba yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko izoba yitwa “Kingdom Planter” .

Yves Shaka akaba asanzwe ari umukirisu wo mw’ishengero rya Life center mu nyakabiga, akaba kandi amaze gukora indirimbo zitari nke n’abaririmvyi batandukanye bakomakomeye basanzwe bafatanije urugamba rwo gukwiragiza ubutumwa bwiza nka Fortran Bigirimana.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel