Scroll to Top

Ivyaranze iyibukwa ry’imyaka 23 iheze hagandaguwe bunyamaswa Perezida Ntaryamira

By La Rédaction / Published on Friday, 07 Apr 2017 01:09 AM / /

Uburundi n’abarundi baraye bibutse imyaka 23 irangiye hagandaguwe bunyamaswa uwahoze aramutswa Uburundi, Nyakwubahwa Perezida Sipiriyano Ntaryamira, hari kuwa 6 Ntwarante 1994, akaba yagandaguriwe mu ndege avuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya co kimwe na mugenziwe Perezida w’Urwanda, Habyarimana hamwe n’abashikiranganji babiri b’abarundi.

Ibirori vy’ukumwibuka bikaba vyatanguwe n’inkuka ya misa yabereye kuri Cathédrale Regina Mundi iyobowe na Musenyeri Varisito Ngoyagoye, aho yasavye abantu bose kwama na ntaryo bagenzwa n’ijambo ry’IMANA mu mirimo yabo ya misi yose kanatsinda baremwe mu gashusho kayo.

Yarongeye abahamagarira kwubaha n’ukwubahiriza ubuzima bwa kiramwa muntu wese mu ntumbero y’ukuvavanura n’ingeso y’ukwicana.

Inkuka ya misa irangiye hakurikiye urugendo rwabashikanye ahasanzwe hashinguwe Nyakwigendera Perezida Ntaryamira, aho imice y’abari bitavye ivyo birori itandukanye yashoboye gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuhisi Perezida Ntaryamira, uhereye k’uwuramutswa igihugu ubu, Perezida Nkurunziza ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, umuhuza w’abarundi, umukuru w’inama nkenguzamateka, abagize Leta y’Uburundi,  bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukiye umuryango w’umuhisi Perezida Ntaryamira, bamwe mubari baserukiye imiryango y’abashikiranganji babiri bagandaguriwe hamwe na Perezida Ntaryamira, abaserukiye imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi n’abandi banyacubahira batandukanye.

Ivyo birori bikaba vyasozerewe n’ijambo ryashikirijwe na Perezida Sipiriyano Ntaryamira kuwa 5 Ruhuhuma 1994 igihe yari ahejeje kwimikwa mu mabanga y’ukuyobora igihugu cacu.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel