Home Burundi Inyuma y'iyakwije 100,000 kuri Youtube, Double Jay azanye iyindi

Inyuma y’iyakwije 100,000 kuri Youtube, Double Jay azanye iyindi

Inyuma y’iyakwije y’iyiheruka gukwiza Views zirenga 100,000 mu mezi makeya imaze isohotse, Double jay avuga ko mu misi ya Vuba buca ashira ahabona akandi karirimbo gashasha.

Ako karirimbo akaba avuga ko kazoba kitwa Numva Nshaka, ako karirimbo ngo kazoshirwa ahabona kuri uyu wa 20 nzero. Hakazoba ari isaha zibiri z’ijoro ku rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha.

Ntiyabashije kumenyesha ko azoba ari amasanamu n’amajwi, canke azoba ari amajwi gusa, ubona ko na Cover yayo ata kabanga yibira abayibona.

Abatari bake bakaba bakiteze, nkuko vyabonetse kuri bamwe babashije gushikiriza ivyiyumviro vyabo kuri urwo rubuga rwa Facebook.

Mwokwibuka ko uwo musore hampande ya Uri special, yaheruka kwumvikana mu karirimbo yakoranye na Elly’s Boy bise Mobile Number.

Facebook Comments

Most Popular

Alvin yavuze ku mafaranga yasabwe ngo aririmbane na Big Fizzo na Sat-b

https://m.youtube.com/watch?v=puBAbQ81NUo Alvin Smith benshi bazi nka La Vache, ngo yaragerageje kurondera gukorana na Sat-b co kimwe na Big Fizzo ariko biramunanira. Mu kiyago na Indundi TV,...

Kuri Evode, Yoya Jamal aza imbere y’abandi

Mu kiyago n'ikinyamakuru Iwacu, Evode ntahonankwa uno musi abarizwa mu buhollande, yavuze kuri Droit d'Auteur, anagaruka kuri Yoya Jamal.  Muri ico kiganiro citiriwe au coin...

BDUSA niyo yatowe ngo itunganye ihuriro mpuzamakungu y’ama diaspora y’abarundi baba mu mahaga

Ubwenge ,ubukerebusi, ubwira, n'uburongozi bwa Sammuel kumwe n'abanwanyi ba  BDUSA nivyo vyagomwe ishirahamwe ngo ritunganye ihuriro mpuzamakungu ry'abarundi baba mu mahanga (Conferance internationale de...

Impari ku vyavuzwe ko Kirikou ariwe asigaye yicara ku ntebe yahorako Sat-B

Hamaze igihe kitari gito havugwa vugwa, ndetse n'abakunzi b'umuziki ndundi batarya umunwa ko Sat -B asa n'uwasubiye inyuma mu muziki. Bizimana aboubakar Karum...

Facebook Comments