Scroll to Top

Primus Ligue: Vital’o FC na LLB zihaye inguvu umugwi wa Athletico Olympique.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 09 Apr 2017 13:50 PM / /

Hari kuri uno w’Imana , ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho mu rukino rwari rwitabwe n’abantu isinzi cane hagati y’umugwi wa Vital’o na LLB. Urukino rurangiye iyo migwi inganije (1-1), bituma Athletico Olympique igaruka mu kibanza ca kabiri.

Urukino rwatanguranye ugutinyana ku mpande zose, ariko ruza kurangira ku bitsindo vyose vyabonetse mu gice ca kabiri c’urukino. Umugwi wa LLB ukaba waronse igitsindo cabo ku munota wa 53 gitsinzwe na Pascal Ndikumana.

Vital’o FC  bakaba bagiye kugombora ico gitsindo ku munota wa 84,  baciye kuri kizigenza wabo Steve Nzigamasabo, ku mupira warutewe na Bulimwengu Jules ugarurwa n’umwamba.

Inyuma y’urwo rukino, umugwi wa Athletico Olympique ukaba waciye usubira kuja mu kibanza ca kabiri ndetse ukanagira amahirwe y’ugutwara igikombe kuko uca ufita amanota  53 inyuma ya LLB ifise amanota 55, aho n’inyuma y’ugutsinda umugwi wa Inter Stars ku bitsindo bibiri ku busa (2-0).

Kuri ino ndwi ya 25, y’ihiganwa rya Primus Ligue, bikaba biboneka ko ihiganwa risubiye i buti , kuko imigwi yose uko ari itatu ( LLB-Vital’o FC  na Athletico Olympique), igifise amahirwe y’ugutwara igikombe ca Primus Ligue (2016-2017).

Mu kibuka ko izindi nkino zitegekanijwe ku munsi w’ejo aho bukera  hamwe no ku munsi wa kabiri.

Messager Buja- Olympique Stars

Muzinga -Musongati

Buja City- Les Lierres

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel