Scroll to Top

Nedbank Cup: Fiston Abdoulazak ahaye umugwi wiwe itike y’ukuja mu gice ca kane.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 09 Apr 2017 13:18 PM / /

Kuri  uno munsi w’Imana, mu gisagara ca Cape Town, niho haba urukino hagati ya Bloemfontein Celtic ya Fiston Abdulazak hamwe n’umugwi wa Mbombela United, mu gice c’umunani gishira icanyuma.

Abdulazak Fiston, akaba ari we yabaye urufunguruzo rw’intsinzi ku mugwi wiwe wa Bloemfontein Celtic, ku bitsindo bibiri vy’intsinzi yatanze. kimwe ku munota wa 20, yiyongera ikindi ku munota wa 55 w’urukino. Umugwi wa Mbombele United, wabonye igitsindo ku munota wa 88, birangira ku bitsindo bibiri kuri kimwe (2-1). Bloemfontein Celtic, ikaba ironse amahirwe y’ugukina igice ca kane gishira icanyuma.

Fiston Abdulazak akaba amaze gutwara ico gikombe mu mwaka w’2015, agishika mu mugwi wa Mamelowdi Sundowns atarawuvamwo.

Categories : homepage promoted

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel