Scroll to Top

Breaking News | Umutama Antime Baranshakaje ntagihema umwuka w’abazima

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 09 Apr 2017 18:31 PM / /

 Antime Baranshakaje aruhiye kwitaba umuremyi  mw’ijoro ry’igenekerezo ry’9 ndamukiza inyuma y’igihe c’amazi atatu ari ku musego kubera imvune yaronse ariko arataha ava aho yarasanzwe akorera mu Gishora.

Inyuma y’imisi itari mike inararibonye mu kuvuza ingoma  no karanga, Baranshakaje Antime ari ku musego, amakuru dukesha abegereye umuryango wiwe  nuko uwo mutama yamaze kwitaba umuremyi.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko uwo mutama yasandabiye mu bitaro vy’umwami Hhaled vyo mu  Kamenge .

 

Uwo mutama akaba yari yagize ikibazo c’ukuvunika ukuguru, aho yagira isanganya ariko ava aho yarasanzwe akorera akazi ka misi yose hitwa mu Gishora mu ntara ya Gitega. Akaba inyuma y’ukubura uburyo bomuvura, uwo mutama yaciye amanukanwa mu gisagara ca Bujumbura ngo abashe kuvurwa.

Ariko naho bikaba bitakunze ko avurwa neza kuko hari habuze ibikoresho bitari bike. Asandavye akirindiriye ko amafaranga angana n’ibihumbi 9 vy’amanyaburaya akwira ngo bikunde aje muri Kenya kuvurirwayo kuko ariho  hagufi yaronse umuganga. Benshi bagatangazwa na gacerere karanze abarongoye igihugu ku muntu yakoreye igihugu bimwe biboneka kubeza aho ashigwa ku noto yakoreshejwe mu gihugu.

 

Add Comment

Comments (1)

Jacques
2017-04-10 00:00:00

Imana imwakirize yompi. RIP

Write a comment ...
Post comment
Cancel