Scroll to Top

#indundi | Thity Love ngo umutima uri mu guturika kubera ugukunda Big Fariouz

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 12 Apr 2017 07:05 AM / / 4487 views

 

Ivy’uko Thity Love akunda Big Fizzo birimwo amahinyu kubera Account yakoreshejwe mu kubivuga.

 

Inkuru igezweho muri kino gihe mu Muziki ndundi ngo yoba ari iy’urukundo umuririmvyikazi Thity Love yoba akunda umuririmvyi Mugani Desire benshi bazi nka Big Fariouz.

Uwo muririmvyikazi ngo yoba yanabishize Ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho avuga ko umutima uri mu guturika kubera inkumbu, ngo ntazobona igenekerezo rya 30 ndamukiza harageze ngo Big Fizzo ashike I Bujumbura. Ivyo bikemezwa n’ishusho ryafashwe(snapshot) y’ivyo yari yanditse.

 

Ariko Naho biruko biracagoye kwemeza ko ari Thity Love kuko iyo yakoreshejwe ari Account nshasha yanditsweko izina ry’uwo muririmvyikazi. Iyarisanzwe imenyerewe akaba ari Thity Love mu gihe iyakoreshejwe mu kwandika ivyo bintu ari Trop Top Thitylove.

Uwo muririmvyikazi tukaba twagerageje kumurondera ngo aduhe umuco ariko tukaba tutarabasha kumuronka. Ariko mwomenya ko muri kahise abaririmvyi batari bake bakomye akaruru ko hari abantu Bakoresha Account zindi Ku mazina yabo bakabacafuza.

Add Comment

Comments (4)

Jerome
2017-04-12 00:00:00

Nakure uburofa ngaho akunda umuntu wabandi afise umugabo. Mbe Kook yamushizehehe ?

Big T.charles
2017-04-16 00:00:00

Ahaaa!! None urwonurukundo nyene canke nurwokumurwagusa twese turamukumbuye turamwipfuza vyoba vyiza ageze niwacu murugombo cbc

Augustin
2017-04-18 00:00:00

790177970

Guest
2017-04-19 00:00:00

Kama Kawa Kama Dawa

Write a comment ...
Post comment
Cancel