Scroll to Top

Miss Burundi “Ange-Bernice” yakiriwe mu Biro vy’umukuru w’igihugu

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 12 Apr 2017 08:41 AM / /

Miss Burundi Ange Bernice yashikirije Nyakubahwa Petero Nkurunziza ivyo yaranguye kuva bamwambitse Ico gitsibo.

Photo | Twitter y’ibiro vy’umukuru w’igihugu

Uno musi niho umukuru w’igihugu c’Uburundi yakira mu Biro iwe Miss Burundi Ingabire Ange Bernice hamwe n’ivyababa vyiwe Monna Walda na Ornella abo bakaba bari bagiye baherekejwe n’umurwi utari muto w’abari mu bateguye Miss Burundi.

Amakuru dukesha urubuga rwa twitter rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu ngo uwo mwigeme yagiye ashiriye nyakubahwa Petero Nkurunziza ivyo yaranguye muri kino gihe ari Miss Burundi 2017.

Ido n’ido ry’ivyavugiwe muri uwo mubonano tukaba tuza kubibashikiriza hanyuma kuko tutarabasha kuronka abajejwe kuvugira Miss Burundi.

Add Comment

Comments (1)

Ricky Dushime
2017-04-13 00:00:00

Ni vyiza vraiment

Write a comment ...
Post comment
Cancel