Scroll to Top

Uburyo nyabwo bw’ukuvavanura n’ubushomeri

By La Rédaction / Published on Thursday, 13 Apr 2017 06:13 AM / /

« Biragaragara neza ko urwaruka rw’ubu hamwe n’abavyeyi barwo ko baterekwa canke ngo batahure neza ibijanye n’inyigisho zerekeye imyuga itandukanye ».

                                     Imyuga itandukanye, isanamu : Google

Ivyo n’ibiherutse gushikirizwa n’umushingantahe Dieudonné Gahama asanzwe ari umuyobozi mu gisata c’inyigisho zijanye n’imyuga hamwe n’ukwigisha ugusoma n’ukwandika, aho yatanze insiguro y’ukwo kuterekwa canke kudatahura inyigisho zijanye n’imyuga ko biri muri kahise k’Uburundi.

Kuva ku muzo w’abazungu mu Burundi mu mwaka wa 1934 nk’uko umushingantahe Dieudonné Gahama abandanya abishikiriza, niho hatangura inyigisho zijanye n’imyuga ziraheza zitangurira i Gatara mu ntara ya Kayanza, i Rumeza mu ntara ya Bururi hamwe n’i Kiganda mu ntara ya Muramvya.

Muri ico gihe, izo nyigisho zari zishimikiye ku bisata bitatu arivyo ukubarira, ukubaza hamwe n’ukwubaka aho abantu batari bake bashobora gukurikirana izo nyigisho, ivyo bikaba vyarabandanije gushika Uburundi buronse intahe y’ukwikukira mu mwaka wa 1962.

Inyuma y’ukuronka intahe y’Ukwikukira rero, nk’uko bwana GAHAMA abandanya abimenyesha, abategetsi bagiye barakurikirana ku ntwaro ntibahavuye ngo babandanye uwo mugambi w’inyigisho zijanye n’imyuga, ahubwo baciye batangura gutanga inyigisho zijanye n’ugutunganya ivy’igihugu kugira ngo basubirire abazungu bari bakombowe, aho umuntu wese amaze kuja ku ntebe y’ishule ata kindi caba kiri mu mutwe atari uko niyamara kurangiza amashule azoheza akaronka akazi mu biro runaka vya Leta.

Ivyo vyiyumviro akaba ari navyo vyabandanije biri mu mitima y’urwaruka rwacu rwaba urukiri ku ntebe y’ishule canke urwarangije amashule yamara rutararonka ico rukora rukirindiriye ko ruzoronka akazi mu biro runaka bakaba nk’abayobozi, abasitanteri, ababuramatari, abashikiranganji, abashingamateka n’ibindi, ubwo buzi nabwo gushika ubu busigaye buharuwe ku rushi.

Umushingantahe Gahama akaboneraho gukebura urwaruka hamwe n’abavyeyi ko bogerageza guhindura ingendo kuko amase ya kera atagihoma urutaro maze bakijukira amashule y’imyuga yo abona ko ata muntu azoba yayize hama ngo amare imyaka ingahe yicaye atararonka ico akora nk’uko vyibonekeza muri kino gihe aho abadafise ico bakora aribo basigaye basumba abafise akazi.

Ivyo navyo ngo bikazoshoboka mu gihe umuntu wese abishizemwo ugushaka haba ku ruhande rw’urwaruka hamwe no ku bavyeyi, gutyo ubushomeri ngo buzoheza bugabanuke ndetse buzohave bunasezererwa.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel