Scroll to Top

#Indundi Sports| Biracagoye kumenya uwuzotwara Primus Ligue

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 15 Apr 2017 12:59 PM / / 687 views

Kuri uno wa gatandatu, hari hitezwe urukino rukomeye cane, rw’indwi ya 26, mw’ihiganwa rya Primus Ligue. Umugwi wa Vital’o FC wari uramutse wakirwa na Athletico Olympique, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Urukino rwari ruramutse ruhuza imigwi ibiri ikurikirana mu kibanza cakabiri n’ica gatatu ku rutonde rw’ihiganwa ryitiriwe Primus Ligue. Urukino ukaba rwagiye kurangira, imigwi yose itahukanye inota rimwe ku rindi ( 1-1).

Urundi rukino rwari rwiytabwe kuri uno wa gatandatu, ni hagati y’umugwi  wa mbere , LLB nawo wanyereye ukanganya n’umugwi wa Messager Bujumbura, igitsindo kimwe ku kindi.

Kw’isonga ry’urutonde rw’imigwi akaba atanakimwe cahindutse kuko, imigwi itatu yose yatahukanye inota rimwe.

Inkino zose rero zikaba zagenze kuno:

Messager Buja 0 – 0   LLB

Athletico Olympique 1-1 Vital’o FC

Aigle Noir FC 1- 0 Musongati

Flambeau de l’Est 2-0 Olympique Stars

Urutonde rukaba ruhagaze kuno, imbere y’uko inkino zo ku munsi w’ejo zikinwa hagati ya :

Messager Ngozi – Muzinga

Inter Stars- Magara Stars

Buja City – Rusizi FC 

Ngozi City- Les Lierres

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel