Scroll to Top

#Indundi Sports| Ntibazonkiza ahaye inota rimwe umugwi wa Kaysar Kyzylorda.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 16 Apr 2017 08:18 AM / /

Mu rukino rw’indwi igira indwi, mw’ihiganwa ry’igihugu ca Khazakistan , uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba, Saidi Ntibazonkiza, ahejeje gufasha umugwi wiwe wa Kaysar Kyzylorda, gutahukana inota rimwe, inyuma y’ukugombora igitsindo ku munota wa 86. Urwo rukino ruaka rwabaye mu masaha y’umurango hano i wacu.

Mu rukino rwahuza Kaysar Kyzyzlorda hamwe n’umugwi wa   Irtysh Pavlodar, ku kibuga ca Kaysar  citwa Stadion im Gany Muratbaeva, ikibuga gisanzwe cakira abantu barenga ibihumbi icumi (10.500 personnes).

Umugwi wa Pavlodar, ukaba ari wo watanguye kuronka igitsindo ku munota wa 83, gitsinzwe  n’uwitwa Rodrigo Antonio. Ico gitsindo kikaba cagombowe na Saidi Ntibazonkiza, ku munota wa 86.

Ntibazonkiza akaba akwije igitsindo  ciwe ca kabiri, mw’ihiganwa ry’igihugu ca Khazakistan. Umugwi wa Kaysar Kyzylorda, uri mu kibanza ca 5, n’amanota 12. Mu gihe iyindi migwi imaze gukwiza inkino zigera ku munani.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel