Scroll to Top

#Indundi Sports| Coventry City ngo igiye kongeza amasezerano Bigirimana Gael.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 20 Apr 2017 01:54 AM / / 358 views

Amakuru ava mu gihugu c’ubwongereza, mu gisagara ca Coventry, ahasanzwe hakina umusore w’umurundi, Bigirimana Gael. Umugwi wa Coventry City ngo utegerezwa kongeza amasezerano, uyo musore.

Amakuru ava mu kinyamakuru  ca Coventrytelegraph, arerekana ko uyo musore w’imyaka 23, ashobora kongerezwa amasezerano, mu gihe amaze inkino zitari nke atwara ubushimwe bw’umukinyi yigenjeje neza kuruta abandi, muri Coventry City.

Umwe mubanyamakuru wo muri ico gisagara avuga ati: “He’s a key component in what City  are achieving at the moment.” Ngo n’umwe mu bakinyi rufunguruzo, muvyio umugwi wa Coventry City uriko urashikako muri kino gihe.

Bigirimana Gael, akaba ari we mukinyi wa mbere yatanguye gukina mw’ihiganwa rya Premier League, mu mwaka w’2012, mu mugwi wa New Castle United. Kuri uno munsi akaba aherutse kuronka ‘ugukinira intamba mu rugamba.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel