Scroll to Top

Nahimana Shassir atsinze ibitsindo bitatu atahana umupira mu nkino za Peace Cup.

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 19 Apr 2017 11:46 AM / /

Umukinyi Nahimana shassir, asanzwe akinira Rayon Sports,  ahejeje gutsinda ibitsindo 3 wenyene, mu rukino rwabahuza n’umugwi wa Rugende FC,  aho bawutsinze ibitsindo 9 ku busa (9-0).

N’ibitsindo yashoboye gutsinda kuva mu gice ca mbere ku munota wa 37 w’urukino; Mu gice ca kabiri ku munota wa 74 hamwe n’igitsindo yatsinze mu minota y’agasunuzo, kikaba cakwije ibitsindo 9.

bimuha n’amahirwe yo gutorwa nk’umukinyi yitwaye neza mu rukino rw’igikombe c’ihiganwa ryitwa Peace Cup ryatanguye uno musi .

Inyuma yurwo rukino , twikoze kuri Shassir Nahimana  tumubaza ingene yumva,  inyuma y’ugutsinda ibitsindo 3 wenyene : ” Ati ndaryohewe cane kubona nsubiye gutsinda ibitsindo bigera kuri bitatu, nkatahana umupira mbere nkanatorwa nk’umukinyi yitwaye neza. Ngiye kubandanya nshiramwo inguvu nkuko vyamye.”

Tukabibutsa ko Shassir Nahimana atari yashoboye kwifadikanya na bagenziwe mu rukino baheruka gukinira mu gihugu ca Nigeria, aho batsindwa na Rivers United, ibitsindo bibiri ku busa. Hari mu nkino z’ukurondera itike y’ukuja mu matsinda mu gikombe ca African Confederation Cup.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel