Scroll to Top

kanyekore Yaoundé yaraye aronse umugwi mushasha

By Editor / Published on Thursday, 20 Apr 2017 05:57 AM / /

Uwahoze ari umumenyereza w’umugwi Vital’o kanyenkore Jean Gilbert  batazira Yaoundé yaraye aronse umugwi mushasha ariwo Bugesera, uyo mugwi ukaba wamusavye kuza kuwumenyereza inyuma yuwahoze ari umumenyereza wawo yahawe kugenwa kuba icegera c’umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’urwanda Amavubi .

Kanyenkore Yaoundé akaba yasinye amasezerano atarenga amezi abiri, inyuma ni babona umusaruro ari mwiza bazoca bamwongera ayandi mabanga yo kurongora umugwi wa bugesera.

Ikintu kanyenkore yasabwe gufasha umugwi wa bugesera kudasubira inyuma muri classement igatera ija mu bibanza vy’ambere .
Bugesera Fc ukaba uri mu kubanza ca gatandatu ufise amanota 36 aho irushwa inota rimwe n’umugwi uri imbere yawo witwa musanze .

Kanyenkore Yaoundé akaba yaciye mu mugwi wa vital’o awufasha gutwara ibikombe bitari bike harimwo na CECAFA yabereye muri Soudah mu mwaka wa 2013 aca mu Rwanda mu mugwi nserukira gihugu Amavubi aja muri APR niho guca ashimwa n’umugwi wa Bugesera.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel