Scroll to Top

Tennis | serena williams Tennis yahagaritse kubera imbanyi afise

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 20 Apr 2017 07:49 AM / /

 

Selena WIlliams yamenyesheje ko imbanyi yiwe igeze ku mezi atanu abicishije ku rubuga rwa Snapchat, ariko mu nyuma aca arabihanagura.

Umukinyi karuhariwe mu mukino wa Tennis Selena WIlliams ku musi w’ejo yashize ahabona ku rubuga asanzwe akoresha rwa Snapshat foto yiwe aho yerekana inda afise igeze ku mezi atanu. Ivyo ntivyatevye kuko uwo mukinyi w’igihangange muri amerika w’imyaka 35 yaciye akurako iyo photo kuri urwo rubuga.

Ariko naho yayikuyeko abantu bo baciye batangura gucanacanako bamwipfuriza ibihe vyiza n’ico kibondo citezwe muri misi mikeya. Abasanzwe bamutwara muri Federation ya Tennis muri leta zunze ubumwe za amerika nabo nyene bahavuye bamukeza babicishije ku muhora wa Twitter.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP nabo bahavuye baronka ubutumwa bw’uwujejwe gutanga amakuru y’uwo muririmvyi aho yemeza ko uwo mukinyi yiteze umwana mw’ici riza. Aho akaba yaciye agirako abamenyesha ko atazokina mu mahiganwa 3 yari yimirijwe muri ino misi.

Ivyo bishitse mu gihe uwo mukinyi yaramaze amezi ashika kuri 4 adakina uwo mukino, eka kandi bishitse mu gihe haheruka kuvurwa ivy’ubugeni bwiwe n’umusore akaba n’umuvyi w’ico kibondo yibungenze Akaba Alexis Ohanian.

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel