Scroll to Top

Abashingamateka bagiye guserukira Uburundi muri EALA

By La Rédaction / Published on Thursday, 20 Apr 2017 07:56 AM / /

Abashingamateka b’Uburundi bemeje urutonde rw’abashingamateka bagera kuri icenda bashasha bagiye guserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’ishirahamwe ry’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko.

      Abashingamateka icenda bagiye guserukira Uburundi muri EA-Bunge

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Ndamukiza niho hashobora gutorwa abashingamateka bashasha bagiye guserukira Uburundi mu nama nshingamateka y’ishirahamwe ry’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko, ayo matora akaba yabereye mu ngoro y’amakoraniro isanzwe iri mu Kigobe.

Bisabwe n’umukuru w’inama nshingamateka, Honorable Pascal Nyabenda, amatora y’abo bashingamateka bagiye guserukira Uburundi muri EA-Bunge bagera kuri icenda akaba yabaye mu gukiriza ukuboko, aho abo icenda bemejwe n’abashingamateka 109 kuri 110 bari bitavye.

Batanu muri abo bashingamateka batowe bakaba basanzwe bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD aribo Burikukiye Victor, Karerwa Mo Mamo, Nzeyimana Léontine, Rurakamvye Pierre Claver hamwe na Muhirwa Jean Marie. Abo bandi bane bakaba bakomoka mu yindi migambwe yemewe n’amategeko, aribo Nsavyimana Sophie hamwe na Nduwayo Christophe basanzwe bakomoka mu runani Amizero y’abarundi, Burikukiye Marie Claire wo mu mugambwe UPRONA hamwe na Ahigejeje Alfred wo mu bwoko bw’abatwa.

Twomenyesha ko batatu muri abo bashingamateka batowe kugira baze guserukira Uburundi muri EALA ko baciye bashikiriza amakete y’ugutanga imihoho mu nama nshingamateka y’Uburundi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel