Scroll to Top

Big fariouz yumvisha akababaro afise mu karirimbo “Urambabaza”

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 20 Apr 2017 08:29 AM / /

Mu karirimbo gashasha Big Fariouz arumvisha akababaro afise kuba umukunzi wiwe adatahura ukuntu amukunda, kandi yiteguye gukora ibishoboka vyose ngo amuhe ico yipfuza.

 

Mu gihe mu mpera z’ukwezi kwa gatatu umuririmvyi Big Fariouz yashize ahabona ishusho ryiwe ari muri Studio mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho yarikumwe n’umuhinyanyuzi IYZO Pro, ahejeje gushira ahabona iyo ndirimbo yariko arakora.

Iyo ndirimbo nshasha ishobora kuba iri mu rukurikirane uwo muririmvyi azoshira ahabona kuri uyu wa 30 ndamukiza yise Fizzology yayise Urambabaza. Iyo ikaba imara umwanya w’iminota 3 n’amasegonda 7 gusa.

Uwo muririmvyi muri ako karirimbo akaba agaruka ku mubabaro yumva kuba umukobwa adatahura ko urukundo amukunda kuko ngo aramubabaza akihorera, agashavura ariko akiyumanganya, Akaririra kihanagura, agahera yumva ariko akiyumanganya.

Erega ni wewe nkunda ntawutavyumva,
umutima n’ibitekerezo warabitwaye,
je ndababara nkiyumanganya,
nkashavura nabwo nkiyumanganya,
nkariria nkihanagura,
nkashira numva nkiyumanganya,
urambabaza.

Mwokwibuka ko iyo ndirimbo isohotse inyuma y’uturirimbo nka Unstoppable, You Got it yakoranye na lambert, Die for You yakoranye na Amore canke 69 Code ziheruka gushirwa ahabona kandi zose zashitse ku nyota abakunzi b’uwo muririmvyi.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel