Scroll to Top

Komine Kabarore ngo isigaye ihatorera akoyoko

By La Rédaction / Published on Thursday, 20 Apr 2017 10:49 AM / /

Amatoni y’ubutare arenga mirongo itandatu ngo niyo asigaye ashorwa buri mwaka guhera muri Nzero 2016 muri komine Kabarore yo mu ntara ya Kayanza.

Ivyo ni ibishikirizwa na Musitanteri w’iyo komine ya Kabarore, umushingantahe Victor Ntakirutimana, aho anamenyesha ko mu myaka ya hera amatoni yabwo agera kuri atanu ariyo gusa ngo yashobora gushorwa buri mwaka, ubu rero ngo hakaba harabaye akarusho gahambaye.

Nayo mu bituma bageze ku rugero rungana uko ubu mu bijanye n’umwimbu w’ubwo butare, ngo harimwo ingingo ya Leta y’Uburundi yafatiye abanyagihugu bahora babushora mu kinyegero mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Gushika ubu nk’uko bwana Ntakirutimana abandanya abishikiriza, ikigega ca komine arongoye ngo gisigaye kihatorera akoyoko aho ubu bashobora kuronka amafaranga y’amarundi agera ku 300 ku kilo kimwe c’ubutare buba bushowe mu gihe bahora baronka amafaranga atarenga 40 ku kilo mu myaka ya hera.

Ako karusho gasigaye kaboneka ubu ngo kakaba gasigaye ariko gafasha mu migambi y’iterambere ry’iyo komine itari mike, eka ubu ngo komine Kabarore ikaba ihagaze neza mu bijanye n’ubutunzi.

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel