Scroll to Top

Miss burundi Ange bernice ari mu banyecubahiro bakiranywe n’amashi menshi

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 20 Apr 2017 10:11 AM / / 472 views

 

Miss Burundi Ange Bernice, Miss Monna Walda hamwe na Miss Nella nabo ni bamwe mu batumire mw’ihuriro ry’urwaruka uno mwaka ririko ribera i Gitega.

Mu gatondo k’uno musi niho Miss Monna Walda yashira ku muhora wiwe wa Snapchat amwe mu mashusho arikumwe na Miss Burundi Ange Bernice hamwe na Miss Nella yerekana urugendo barimwo aho bari berekeje mu ntara ya Gitega aho bari bitabiriye ihuriro ry’urwaruka risanzwe ritegurwa buri mwaka.

Abo nabo bakaba bari abatumire muri iryo huriro aho bahuriyeyo n’abanyecubahiro batari bka barimwo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe ari nawe yuguruye icese iryo huriro rizomara imisi itatu.

Mu mwambaro w’imvutano, Miss Burundi n’umwe mu banyecubahiro bakiriwe n’amashi menshi nkuko vyabonetse ku rubuga rwa Twitter rw’intara ya Gitega.

Iryo huriro ry’urwaruka ruva mu mihingo itandukanye y’Uburundi rikaba rifise icivugo ngo “Rwaruka, tugire urunani rw’intamwenwa duteze imbere igihugu cacu”, rikaba ririko ribera mu ntara ya Gitega ku murwa mukuru.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel