Scroll to Top

Abavugabutumwa bo mu ma Barabara i Kampala bagiye kuza bafungwa

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 20 Apr 2017 10:53 AM / /

Abavugabutumwa bakorera mu mabarabara ngo bagiye kuzohora bafungwa kuko bariko bahonyanga amategeko agenga Igisagara ca kampala mu guteza induru mu ma barabara.

 

Mu gihugu c’Ubuganda ngo bagiye kuza bafunga abavugabutumwa bavugira ubutumwa mu mabarabara, ivyo bikaba bishikirizwa n’abatwara umujwi wa Kampala. Ivyo ngo n’ukubera bafatwa nk’abagenda baratera induru mu mabarabara.

Amakuru kimwe mu binyamakuru vyo muri ico gihugu avuga ko abo bagabo bagenda bavuga ubutumwa mu mabatabara bashirwa mu gitigiri kimwe n’abagenda bateza umudugararo aho bagenda bagana ahaba hakoraniye abantu benshi.

Itegeko ribafata ngo ryatowe mu mwaka wa 2006, ribuza abantu gukora ibikorwa bitera induru mu gisagara ca Kampala. Nkuko ayo makuru dukesha ivyo bionyamakuru avuga ngo abarabwa n’iryo tegeko ngo harimwo n’abasanzwe bashira ama Bafre ku mabarabara ngo bahamagare abaza kubashorera.

Abo bavugabutumwa ngo bagiye rero kuzohora bashikirizwa ubutungane muri ico gisagara, binabaye ngo baheze bacibwe Imana nk’abandi bantu bose.

Abo bagabo bagasabwa kwegera amasengero aho i Kampala ngo babashe gukorana ariko bave mu mabarabara.

Ibisagara bitari bike birimwo, Bujumbura, Dar-es-Sallam, Kigali, Kampala na Nairobie ni bimwe mu bibonekamwo abavugabutumwa baba bagenda bavuga ko batumwe n’Imana aho bagenda batanga ubuhanuzi butari buke.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel