Basket Ball : Inkino zirabandanya kuri uno wa gatandatu.
Inyuma y’ikiringo c’ukwezi hatowe indongozi nshasha mw’ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball, hano mu gisagara ca Bujumbura, mu mpera z’ino ndwi , ihiganwa rigiye kubandanya. Mu cicaro ca mbere, n’icicaro ca kabiri, imigwi yose ikaba yaramaze gutangura imyiteguro, kuva bumvise kino kirangaminsi.
Imigwi ikaba izohura uku gukurikira :
Icicaro ca mbere :
Mutanga United- Gymkana
Dynamo- Ambassadors
New Stars- Kern
Urunani- Muzinga
Icicaro ca kabiri:
Intwari – Gasenyi
Urunani- Les Amis
Izo nkino zose zikaba zitegekanijwe kubera ku kibuga ca Toyota, i Gikungu, muri zone Gihosha. Ikiboneka muri ikigihe, n’uko ikibazo c’abigeme kitaratora umuti kuko hasigaye imigwi ibiri gusa mw’ihiganwa ry’igice ca mbere.
Ico kirangaminsi kikabagishizwe ahabona, mu gihe kuro uno wa kane hategekanijwe, ibirori vy’ukubisikanya mu mabanga hagati y’abatowe kurongora ACEBAB, hamwe n’abahora barirongoye.