Scroll to Top

Kabera Christian yoba atakibazrizwa muri Ngozi City.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 20 Apr 2017 12:36 PM / /
  • Inyuma y’ikiringo c’amezi  agera kuri atatu, amenyereza umugwi wa Ngozi City, Kabera Christain batazira Mourinho yoba atakibarizwa muri uyo mugwi nk’umumenyereza.

Amakuru ava mu gisagara ca Ngozi n’uko uyo mumenyereza yoba atariko arakoresha imyimenyerezo kuva ku munsi w’ejo wa gatatu. Bamwe mu begereye uyo mugwi, bakamenyesha ko yoba yaratanze imihoho, n’ubwo bitaraja ahabona.

Kabera Christian akaba yaraherutse gushikana umugwi wa Ngozi City kibanza c’9  n’amanota 30, Ico kibanza kikaba gituma uyo mugwi udashobora kumanuka mu cicaro ca kabiri.  Hamwe uyo mugwi wotsinda n’imiburiburi inkino zibiri muri zine basigaje.

Kabera Christian n’umwe mu bamenyereza bazwi ko bakunda guhabwa imigwi, iri mu bibanza vy’ugukoroka akayizamura. Ivyo akaba yabikoze mu mugwi wa Flambeau de l’Est ku mwaka uheze. awukura mu kibanza ca 16, awushira mu kibanza c’9.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel