Scroll to Top

Ibiherutse gushikirizwa n’ishirahamwe ICG ngo ntibiraba igisirikare c’Uburundi

By La Rédaction / Published on Thursday, 20 Apr 2017 11:41 AM / /

Mu cegeranyo ishirahamwe ICG riherutse gushira ahabona aho rituma agatoki igisirikare c’Uburundi ko coba kirimwo amacakubiri, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko ibiri muri ico cegeranyo bitaraba igisirikare c’Uburundi.

Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi

Nk’uko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko ibiherutse gushikirizwa mu cegeranyo c’ishirahamwe ICG (Internet Creators Guild) ko biraba abavyanditse kuko igisirikare c’Uburundi ngo gifatanye mu nda.

 Le rapport de est vide de sens par rapport à la position actuelle de la . Le contenu du dit rapport n’engage que l’auteur.

N’ikimenyamenya c’uko igisirikare c’Uburundi gifatanye munda, Colonel Baratuza atanga akarorero k’ibikorwa vy’urukundo abasirikare bahurikiye muri FDN bamaze imisi barangurira hirya no hino mu gihugu.

Twokwibutsa ko ico cegeranyo c’ishirahamwe ICG cashizwe ahabona ku wa 5 Ndamukiza uwu mwaka.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel