Scroll to Top

Abiyumvira uko ngo n’abaterekwa amanama akunda kugirishwa

By La Rédaction / Published on Friday, 21 Apr 2017 06:16 AM / / 169 views

Musitanteri wa komine Gitega arahumuriza abanyagihugu bo muri karitiye ya Shatanya ko amafaranga batanze atanyurujwe nayo abiyumvira uko ngo bakaba ari abanyagihugu baterekwa amanama akunze kugirishwa n’abatware bo muri ico gisagara.

                    Valentin Nahimana, Musitanteri wa komine Gitaga

Mu gihe hari haheze imisi abanyagihugu bo muri karitiye ya Shatanya iri mu gisagara ca Gitega bidodomba ko amafaranga batanze kugira ngo bashobore kwubakirwa amabarabara ya pavé muri karitiye yabo ko yoba yaranyurujwe, Musitanteri wa komine Gitega, Valentin Nahimana arabahumuriza aho abamenyesha ko amafaranga batanze ataho yagiye yamara ko bariko bakora ibishoboka kugira umugambi yatangiwe ushobore kuja mu ngiro mu misi ya vuba.

Nayo abo biyumvira ko boba barasahuwe amafaranga batanze, Musitanteri Nahimana avuga ko abo ari bamwe mu banyagihugu usanga batigera batonda mu manama akunda kugirishwa n’abatware bo muri ico gisagara ca Gitega kuko ico kibazo ngo bama bakigarutseko buri gihe uko bagize amanama.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel