Scroll to Top

Basaba kugarukirwa amazi atararenga inkombe

By La Rédaction / Published on Friday, 21 Apr 2017 06:41 AM / / 176 views

Abanyagihugu basanzwe batuye ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza basaba amashirahamwe Regideso na Sogea Satom ko yobaronsa amazi meza mu gihe haciye igihe kitari gito amakaritiye nka yose agize igisagara ca Kayanza atagira amazi meza.

Amakaritiye abangamiwe gusumba ayandi mw’ikena ry’amazi meza akaba ari karitiye ya Mukoro, ya Kigwati, ya Gisoro hamwe na karitiye ya Kirema zo muri iyo ntara ya Kayanza, aho abanyagihugu bo muri ayo makaritiye bashobora kumara umwanya uri hagati y’iminota mirongo itatu n’isaha bahagaze imbere y’ahasanzwe harubatswe amabombo kugira barabe ko boronka amazi. Eka no mu makone ya Rango, Muhanga hamwe na Gatara naho nyene ngo niko k’uko.

Iryo kena ry’amazi ryibonekeza muri iyo ntara ya Kayanza rikaba ryagize ingaruka mbi na canecane mu bibanza asanzwe akenerwa cane nko mu buriro, mu mavuriro atandukanye, mu bunywero, ku masomero n’ahandi.

Benshi muri abo banyagihugu uca usanga bakunze gukoresha amazi bavomye mu nzuzi ayo nayo ugasanga aracafuye cane bakabona ko mu gihe atacokorwa vuba ko bashobora guterwa n’indwara ziva kw’isuku rike n’ukubura amazi meza bakoresha.

Nayo musitanteri wa Komine Kayanza, Jean marie Manirakiza, arahumuriza abanyagihugu atwara abamenyesha ko ibikorwa vy’ukwongereza amazi meza muri iyo ntara ko bigeze kure kuko ngo bimaze amezi agera kuri atandatu vyaratanguye gushirwa mu ngiro, ngo mu misi ya vuba ico kibazo c’ukubura amzi meza ngo kizoheza gitorerwe inyishu.

 

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel