Scroll to Top

#USA | Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca amerika amagara yiwe ntiyifashe neza

By KING YANN COOL / Published on Friday, 21 Apr 2017 07:49 AM / / 447 views

Amagara y’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca amerika ntiyifashe neza, George Herbert Walker Bush amaze imisi mu bitaro kubera uburwayi bwo mu bihimba vy’ihemero.

Uwigeze kuba ari umukuru w’igihugu ca Amerika agira 41 George Herbert Walker Bush amaze imisi amagara yiwe atifashe neza kubera uburwayi bwo mu bihimba vy’ihemero. Uwo mukuru w’igihugu wa Kera akaba ubu ari mu bitari HOuston Methodist Hospital mu gisagara ca Houston muri Texas.

Uwo mutama w’imyaka 92 akaba kuri uyu wa kane ariho yatangura gushira ahabona amashusho yiwe ari mu bitaro nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu gitwara Donald Trump abishikiriza. Muri ayo mashusho harabonekamwo umuhungu wiwe nawe yigeze kuca mu makanda yiwe ariwe George Walker Bush.

Abajejwe gutanga amakuru mu biro vy’uwo mutama bakaba bamenyesha ko uwo musaza akiri mu bitari ngo bikunde abaganga babandanye basuzuma ibijanye n’ubuzima bwiwe. Bakavuga kandi ko bakirindiriye ico abaganga bazovuga kugira bikunde abashe kubandanya akazi kiwe ka misi yose yaransanzwe akora.

Ico kibazo uwo muvyeyi w’umukuru w’igihugu W. Bush akaba atari irya mbere kimushikiye kuko nkuko amakuru tubandanya dukesha ivyo binyamakuru, avuga ko uwo mutama n’umutambukanyi wiwe Barbara Bush bari mu bitari aho harahira uwutwara ico gihugu ca Amerika muri kino gihe, bakaba ico gihe bamaze imisi igera kuri 12 bari mu bitaro.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel