Scroll to Top

#Breakingnews | Umuntu yapfiriye mu gitero c’inkozi z’ikibi i Paris kuri #ChampsElysees

By KING YANN COOL / Published on Friday, 21 Apr 2017 08:46 AM / / 245 views

Umupolisi umwe yapfuye abandi babiri barakomereka cane hamwe na ba mukerarugendo nabo bakomeretse cane. Ivyo bikaba vyatumwe n’igitero c’umwihevyi cabereye i paris mu Bufaransa kw’ibarabara Champs Elysée.

Ibarabara Champs Elysées

Abantu bane baraye bakomeretse barimwo aba Police Babiri, uwundi aritaba umuremyi arashwe n’inkozi y’ikibi yabasanzwe kw’ibarabara ririko ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa. Ivyo vyaraye bibaye kuri uyu wa kane kw’ibarabara ryitiriwe Champs Elysée mu gisagara ca Paris.

Karim Cheurfi w’imyaka 39 niwe yaraye yihaye inkumbi mu kugandagura n’ugukomeretsa abajejwe umutekano hamwe na ba mukerarugendo(Tourist) i Paris. Uwo musore ngo akaba yaramaze imyaka irenga 10 ari mw’ibohero bivuye ku makosa atandukanye yakoze harimwo n’ayo kwaka inkoho uwujejwe umutekano mu gihe bariko baramuhagarika aho hari mu mwaka wa 2001.

Ico gitero c’inkozi z’ikibi kikaba cahavuye cemerwa n’umurwi w’iterabwoba Daesh aho ariko nkuko amakuru dukesha 20 Minutes ngo uwo bavuze atari uwakoze iryo bara. Hakaba hakigoye kuvuga rero ko uwo musore yoba yakoze ico gikorwa wenyene canke ko yoba yarikumwe n’abandi baciye mu myanya y’intoke igipolisi.

Ayo makuru akabandanya avuga ko igipolisi c’i Paris cahavuye kija gusaka mu nzu za bamwe mu biketswe muri iryo joro nyene ry’uwa 20 ndamukiz harimwo n’inzu ya nyene imodoka uwo mukozi w’ikibi yarimwo aho yakora ako kabi kabishe.

Ivyo bishitse mu gihe ubufaransa bwariko bwitegurira amatora mu misi ibiri gusa, abatari bake mu bariko bariyamamaza ngo baciye baheba ingendo bari bafise nkuko amakuru dukesha Deutch Well abishikiriza.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel