Scroll to Top

Chris and Junior bavuze agakumi kagisibije uko kameze n’ivyako

By KING YANN COOL / Published on Friday, 21 Apr 2017 09:34 AM / /

Umurwi w’abana bakiri bato Chris and Junior mu karirimbo kabo gashasha bagarutse ku kibazo c’umwigeme ageramiye imiryango.

“Karabamara” niko karirimbo gashasha k’umurwi Chris and Junior usanzwe ariwo murwi ugizwe n’abana bato cane mu muziki ndundi, ako kakaba kaje gakurikira akandi kaheruka gushirwa ahabona ako nako kakaba ari “Muri hehe” aho bariko bavuga ku bakunda kuryoherwa.

Uwo murwi ukaba muri kino gihe wahisemwo guhanura abasore n’abagabo babicishije muri muri iyo ndirimbo aho bariko bavuga umukobwa ngo yihaye inkumbi aho gaherereye. Iyo nkumi ngo ntawutayi kuko aho iciye hasigara amarira n’umubabaro.

Ngako Karabamara,
reka kabatabure,
Ngako Karabamara ,
Reka kabashishure

Muri ako karririmbo abo bana bakiri bato bagaruka ku nyifato zishobora gutuma bakamenya, ako nako ngo gakunda abantu bagira hejuru. Ako kana ngo ni gatoto, karekare, kitonda ariko gakerebutse mu cumba, konze udushatsi tw’irende akayobe n’aga Parfum ntugahenda.

Uwo mwigeme ngo mubo kihindiramwo s’abandi baba abasore n’abatama ngo ntikarabisha rimwe kagenda kikoreye.

Ba basore bo mu kamenge karamenaguye,
Gaciye mu kinindo hose gasiga gafyatuye,
Ku mutanga hose kavunaguye,
Mu kinanira,
Mu kibenga,
Mu kigobe n’i kiriri hose kabaha isukari…

Mwomenya ko aba bana Chris and Junior bari muri bamwe mu bari bashize umukono ku masezerano y’ugukorana n’ishirahamwe Ikoh muri wa Mugambi bihaye You’ll Love Changes Vol1, ariko ubu  bakaba bariko bakorera ibikorwa vy’umuziki muri Studio ya Mukuru wabo Akes Don.

Ironkere iyo ndirimbo mu gufyonda kuri Download ngaho musi 

Karabamara By Chris And Junior


Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel