Scroll to Top

Umurwi Mirror team wasubiriye kandi kugobeka amajambo mu ndirimbo

By KING YANN COOL / Published on Friday, 21 Apr 2017 10:14 AM / /

Umurwi Mirror team inyuma y’akaririmbo Ndoroshe kavuzwe amajambo atari make, bashize ahabona akandi bise “Nyengenga” nako kashizwemwo ubwenge bwinshi mu nyandiko.

Inyuma y’akaririmbo Ndoroshe, umurwi Mirror Team ugizwe n’abasore bane hamwe n’inkumi imwe wahavuye ushira hanze akandi karirimbo gashasha k’uwo murwi bise “Nyengenga”.

Mu butumwa busa n’ubukurikira ubw’ukumenyesha umwigeme ko badatahura ukuntu yabanyengeteyemwo bakaba abakunzi kandi ubwa mbere bari abagenzi; bwatanzwe muri “Ndoroshe”, uwo murwi wakurikijeko ubundi bumenyesha uwo mwigeme ngo amenye agende gahoro, agende yengenga kuko umutima warasinzikaye gose.

Nyengenga,
buhorobuhoro,
unkandakande guhera ku mano,
Nushika ku mutima uhitondere cane harasinzikaye, nyengenga.

Muri ako karirimbo ukuri kwamye nkuko vyamye na mbere hose Nick yasubiriye kandi gushiramwo akabirya muri iyo ndirimbo nkuko yabigize muri “Ndoroshe”. Uwo muririmvyi yabwiye umukobwa ko atawumusumba ngo nimusaba ko niyabandanya amugira umwami ngo azobandanya nawe amugire umwamikazi.

Nick yabandanije amubwire ngo abandanye anyonga, akanyage amuha umunyenga kuko ngo niwe muhizi amuha inkomezi. Aho hambere ngo isi yaramwagira ariko we aramwagurira aridagadura, ukwabikora ngo niko avyipfuza.

…Nyumva kw’iy’isi ntawugusumba,
Nyonga kanyaga ugume undisha uwo munyenga,
guma umfata nk’umwami nanje nzokugira umwamikazi,
ur’umuhizi unyongera inkomezi nyengenga cane urabizi,
Kera isi yaranyagira sinaronka naho mponyora,
Maze uranyagurira mbona kwidagadura,
uko nyene ubikora komeza uko Please baby girl don’t stop,
uri mu nzira yo bandanya ndiko ndiyumva.

Mwomenya ko uwo murwi ari umwe mu mirwi mishasha mu muziki ndundi ariko uriko utera imbere ku rugero rushimishije cane. Uwo murwi mu kiringo kiri musi y’imyaka ibiri, bakaba bamaze gukora indirimbo zitatu hamwe n’amasanamu y’indirimbo zibiri kandi zije zisa neza ziri no ku rugero mpuzamakungu.

Tagged as:

Add Comment

Comments (3)

Batis
2017-04-21 00:00:00

Abo bahungu ni Bala ndake. Bafise amajambo sinzi uyubaha kabisa ... mama mama ndembeye

Andy Muzik
2017-04-23 00:00:00

Mirror Team Niyambere Ifise Ubuhanga Bwokwandika Nkumu Fan Wayooo Ndayifurije gutera imbere bazogere kuco bipfuza...........4ever MT

Guest
2017-11-16 00:00:00

cheer up!

Write a comment ...
Post comment
Cancel