Scroll to Top

Kijanya niwe yari intumwa ku waburiye uwiwe ku rugamba

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 25 Apr 2017 06:09 AM / /

Mu mwambaro w’igisirikare Kijanya niwe yari intumwa y’ukumenyesha umuryango w’uwabuze umusirikare ko yitavye umuremyi ari ku rugamba.

Umwambaro w’igisirikare c’igihugu ca canada, niwo umuririmvyi Thierry Kijanya yabonetsemwo mu masanamu y’indirimbo aheruka gushira ahabona. Uwo muririmvyi akaba ariwe yari intumwa k’umwigeme yabuze umukunzi wiwe ari ku rugamba.

Ako karirimbo kakaba ari “Nta cica nk’irungu” ka Canjo Hamissi yasubiyemwo. Muriko bagaruka ku rukundo rw’umuhungu n’umukobwa bakundanye ariko umusore akarungikwa ku rugamba. Uwo musore ntiyagarutse, umukobwa nawe ashima kwiha umugozi arahwera nkuko iyo ndirimbo ibishikiriza.

Soma n’ibi : #indundi Music|Nta cica k’irungu By Kijanya Thierry

Ako karirimbo kabonekamwo umukobwa mwiza yambaye kandi yongera yimotereza impuzu y’umukunzi wiwe, aho yarakimurindiriye ko atahuka bakabana nkuko bari babimwemereye ariko icizero kikaba cahereue mu nzira nkuko ako karirimbo karangiza kabishikiriza.

Soma n’ibi :  Kijanya yasobanuye igituma yashimye gusubiramwo akaririmbo “Nta cica nk’Irungu” ka Canco Hamissi

Mwomenya ko uno muririmvyi yari yamenyesheje ko ako karirimbo agasohoye mu ntumbero yo kwumvisha abarundi n’abakunzi b’umuziki ndundi ko umuziki wa kera ukimeze neza naho bamwe mu bawuririmvye batagihumeka.

Add Comment

Comments (1)

no comment
2017-04-26 00:00:00

no comment ntayamanise

Write a comment ...
Post comment
Cancel