Scroll to Top

Big fariouz yabirishijwe akuya n’abakunzi b’umuziki wiwe mu biteramo i Kigali

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 25 Apr 2017 06:44 AM / /

Big Fariouz yarabijijwe akayashu n’abakunzi b’umuziki wiwe mu biteramo aheruka gukora muri izi mpera z’indwi twarangije i Kigali mu Rwanda.

Big Fariouz naho akirindiriwe i Bujumbura kuri uyu wa gatanu aho azoba aje kwitegurira igiteramo azokora igenekerezo rya 30 Ndamukiza kuri Lacosta Beach, uwo muririmvyi abandanya akora ibiteramo i Kigali aho asanzwe ari rutumwako.

Uwo muvyeyi wa Zia muri zino mpera z’indwi, yari yitabiriye igiteramo mu gisagara ca Kigali ahitwa H Zone mu gace ka gikondo hamwe no mu butambiro bushasha bita Calvados buherereye ahitwa Remera.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Rwanda paparazzi avuga ko uwo muririmvyi yabashije kuryohera cane abantu yabashije gusanga aho hose muri ubwo butambiro yitabiriyemwo ivyo biteramo.

Ivyo biteramo vyose uko ari bibiri ngo vyabonetsemwo abakobwa benshi gusumba abagabo, abo bakaba ari nabo bamubijije iyashu mu kumutambisha ari kuri Podium aho hageze ngo rimwe na rimwe babakura kuri Scene.

Mwomenya ko Big Fariouz yitezwe i Bujumbura kuri uyu wa gatanu aho bishoboka ko ashobora kuzoza azanyanye n’abaririmvyi nka Charly na Nina, Dj Pius eka n’umusahirizi wabo Muyoboke Akexis. Abo bakazoba baje hakiri kare ngo bitegurire igiteramo cabo kiriko gitegurwa i Bujumbura na The Fighters.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel