Scroll to Top

Inkwezi y’amarere n’ishusho rya Bikira Mariya ryabonetse hagati y’amabere ya Kim kardashian

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 25 Apr 2017 07:07 AM / /

Kim Kardashian yatewe ivyatsi n’ishirahamwe rivugira inyungu z’ishengero katolika muri leta zunze ubumwe za amerika bivuye kuvyo uwo muvyeyi w’abana babiri aheruka gukora. 

Intandaro ya Vyose, ngo n’ishusho ya bikira mariya yabonetse hagati y’amabere yiwe biciye mu gahuzu kirabura ariko kabonerana yaheruka kuboneka yambaye. Iryo shirahamwe rikabona ko uwo munyamideri akaba n’umugore wa Kanye West yarenze akarimbi mu kurogota kuri Bikira Mariya mu kwambara ishusho ryiwe.

Iryo shirahamwe rikavuga ko kuba yarigeze kuba umukinyi w’amareresi y’urukozasoni, abantu bagumana iyo sura kuriwe, ngo bikaba bidahesha agaciro umukama. Bakanavuga ko ataho bigeze babona uwo muvyeyi yerekana ko ari umukirisu.

Ibibi vyovyo ntibigarukira ngaho kuko uwo mutambukanyi wa West aheruka gushira ku rubuga rwiwe rudandaza ibikoresho vyiwe Bougie iriko ishusho rya bikira mariya ariko umutwe ari rwiwe, nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Gala co mu gihugu c’ubufaransa abishikiriza.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel