Scroll to Top

Yves Kami avuga ko umuziki wokwinjiriza igihugu amafaranga menshi gusumba Ikawa

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 25 Apr 2017 07:53 AM / /

Urukurikirane rugizwe n’indirimbo umunani rugira kabiri inyuma ya Samandari, Yves Kami yarwise Umwanya, rukaba ruzoshirwa ku mugaragaro mu kwezi kw’umunani. 

Urukurikirane rw’indirimbo umunani nirwo umuririmvyi Yves Kami yitiriye “Umwanya”, ikaba kandi ari n’imwe mu ndirimbo zigize urwo rukurikirane. Muri urwo ruririmbo uwo muririmvyi agaruka ku kibazo c’Umwanya aho avuga ko atawoshobora kugishira ku murongo, kuko hama haboneka ko cagusize nkuko yabiyagiye itororokanirizo ry’amakuru  Iwacu.

Uwo muririmvyi w’umudiho kavukire uvanze na mvamahanga yabwiye Iwacu ko mu gihe ubutegetsi bworaba neza bugashigikira umuziki, ngo ushobora kuzana amafaranga ikawa itigeze yinjiza mu Burundi, kuko ari itunga rikomeye cane.

Uwo mwanditsi w’urukurikirane Umwanya ruzoshirwa ahabona mu kwezi kw’umunani abandanya avuga ko azobandanya aririmba gushika Isi imenye Uburundi biciye mu karanga kacu. Kanatsinda ngo we n’umuziki ubucuti buhari n’urukundo.

Mwomenya ko yarasanzwe afise urukurikirane rumwe yise Samandari, hakabamwo na kamwe mu turirimbo twatumye amenyekana cane mu muziki ndundi. Uwo akaba kandi ari umwe mu baririmvyi bashira inguvu mu kudandaza ibikorwa vyabo biciye mu gushira kuma Cd n’ahandi.

Yves kami kandi n’umwe mu baririmvyi b’abarundi bamaze gukora ibiteramo bitari bike kandi bikitabirwa n’abanyamahanga batari bake, na cane cane akabikorera bmuri IFB. Yves kami aramaze n’ugutahukana udushimwe tutari Duke yakuye mu mahinganwa atandukanye arimwo irya ryatunganije mu mwaka wa 2014 n’insamirizi Isanganiro ifadikanije na OXFAM.

Tagged as:

Add Comment

Comments (1)

Blaise Nininahazwe (N~B FARE)
2017-04-30 00:00:00

Mwaramuts Yves?Nanj Ndabashigikiy Mwico Ciyumviro Nongera Mbasaba Kumfasha Nanj Kuko Ndafise Vyinshi Uburyo Nabwo Murazi Ni Hatali.Merci!

Write a comment ...
Post comment
Cancel