Scroll to Top

Yashize ahabona icatumye ava mu mugwi wa Ngozi City.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 25 Apr 2017 11:10 AM / /

Inyuma y’iminsi igera kuri itandatu, uwahora ari umumenyereza wa Ngozi City, yikuye mu mabanga y’ukumeyereza uyo mugwi, Christian Kabera, yashize ahabona icatumye asezera, mu mabanga yiwe yaramazemwo amezi atatu.

Imvo nyamukuru yoba yatumye ava muruwo mugwi wo muntara ya Ngozi, n’uko hari bimwe mu bibazo vyerekeye amasezerano yiwe, bitariko birajamwo umuco.

” Mu kuja kumenyereza umugwi wa Ngozi City, ngo nta masezerano bahanye, bavuganye ko inyuma y’inkino zigera kuri zitanu babonye uko azoba yigenjeje, azoheza akaronka¬†amasezerano. Amenyesha ko hari hageze ko bashitsa iryo bayaze, ariko hari vyo batahurijeko”.

.

Uyu musore azwi cane nk’abamenyereza bakiri mu runganwe rukiri ruto, bamaze gufata igihagararo mu migwi y’icicaro ca mbere, hano muri Primus Ligue, yemeza ko mu gihe cose azoba yumva atariko arakora akazi, hari ibitagenda neza, azotanga imihoho.

Akaba yari yagiye mu mugwi wa Ngozi City, mu mpera z’ukwezi kwa mbere., aho yari avuye mu mugwi wa Delta Stars, wo mu cicaro ca kabiri. Imbere yaho, akaba yari yatanguriye muri Flambeau de l’Est , mu ntango z’irihiganwa rya Primus Ligue.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel