Scroll to Top

Alpha Jerry aremeza ko imyuga yiwe ishoboye ku mutunga no mu mahanga

By Editor / Published on Tuesday, 25 Apr 2017 18:21 PM / /

Alpha Jerry umwe mu baririmvyi b’abarundi bariko barangurira i mirimo yabo mu mahanga, aremeza ko imyuga azi ishoboye kumutunga no mu mahanga.

Alpha Jerry aho twamusanze aca incorogo ku mugongo w’umuntu

Alpha Asanzwe ar’umuririmvyi kuva mu mwaka wa 2003 akiri  mu mashure yiwe yisumbuye, umuziki akaba atawuhereye aho gusa kuko kuva akiri muto yaririmba mw’isengero Katolika. Inyuma yaho, Jerry yarungururije ku mugabane wa Asia i Dubai aho yahavuye akunkumura imyaka itatu yose yiga guca incorogo ku bantu (Tatouages), Dobai Alpha akaba yigishijwe uwo mwuga n’umwe mu nzobere  zamuka mu gihugu ca Ghana azwi kw’izina rya Claudio.

kimwe mu bikorwa yakoze igihe twaja ku muraba aho asanzwe akorera i Kigali

Jerry yatumenyesheje ko ico cirwa camworoheye cane kuko asanganywe ingabire yo gushushashanya neza.

S’umwuga wo gushushanya gusa kuko Alpha, mu mwaka wa 2015  inyuma y’intureka zihitiye mu bwa nyaburunga yahavuye yungururiza mu gisagara ca Kigali mu gihugu kibanyi u Rwanda, aho afatanya amashure ya kaminuza n’igikorwa c’umuziki.

Mu nzu y’uburaro, uburiro n’ubunwero  hotel Milles Colline yarasanzwe aririmbiramwo, muri vya bikorwa vyo guteramisha abantu Karaoke , Jerry yahavuye yiga igikorwa co ku Dija (kuvuza umuzi abantu bagatamba) Dj Alpha Jerry ico gikorwa akaba yagifashijwemwo n’umu Dj wo mu nzu y’ubutambiro Legacy Louange.

Alpha Jerry ubu akaba abandaniriza ibikorwa vy’ama shure ya kaminuza kw’ishure  ryitiriwe University of Kigali, ishuiri ryitiriwe umuji wa Kigali.

Ku Bakunzi b’umuziki wiwe nabo akamenyesha ko vuba agiye gushira ahabona ibindi bikorwa bishasha.  Nayo kubashaka kumenya ivyakora bo kurikirana urubuga rwiwe rwa facebook: alfa alfa, kuri Instagram:  alfa the official eka no kuri Indundi TV.

Twobamenyesha ko imwe mu sanamu yambere Alpha yabonetse ko afise ingabirano idasanzwe ari mu giteramo hamwe n’ibihangange nka Kidumu, Fizzo, n’abandi mushobora gukurikirana aha musi.

Vicent Kigosi and Kidum On the Stage (You will love the Change Concert 1)

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel