Scroll to Top

Abagizi ba nabi ngo baraye badurumbanije umutekano mu Kamenge

By La Rédaction / Published on Wednesday, 26 Apr 2017 00:02 AM / /

Nk’uko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano, Petero Nkurikiye amenyesha ko mw’ijoro ryaraye rikeye abagizi ba nabi badurumbanije umutekano muri zone ya Kamenge.

        Pereto Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano

Mu masaha ashira isaha imwe n’igice z’ijoro ryaraye rikeye, abagizi ba nabi bari kw’ipikipiki ngo barateye igerenade mu modoka y’umushingwamanza azwi kw’izina rya Mariko, aho hari kw’ibarabara rya gatanu ryo muri karitiye ya Heha, zone Kamenge mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Me Mariko akaba yarakomeretse cane hamwe n’abandi bantu bagera kuri bane bakomeretse buhorobuhoro bompi bakaba baciye banyarukanwa ku bitaro bihegereye kugira bavurwe.

Mu bijanye n’umutekano nyene, Petero Nkurikiye amenyesha kandi ko abantu bagera kuri bane baheruka kunyuruzwa barimwo umupatiri wo mu Gatumba, ngo baraye batowe.

Categories : homepage kirundi security
Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel