Scroll to Top

Baraye biyemeje kurangura neza amabanga baherutse gushingwa

By La Rédaction / Published on Thursday, 27 Apr 2017 01:11 AM / /

Abantu  bagera kuri batanu baheruka kugenwa na Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza baraye barahiye imbere y’iwe ko bagiye kurangura neza amabanga baheruka gutorerwa.

Kuri uwu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 26 Ndamukiza, mu ngoro y’amakoraniro iri mu Kigobe, niho abantu bagera kuri batanu baheruka kugenwa na Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza biyemeza imbere y’iwe ko bagiye gukora ibishoboka mu kurangura neza amabanga aherutse kubashinga.

Abo nabo akaba ari umupfasoni Zabera NDAHAYO agiye kuba umushikiranganji mushasha mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko, umushingantahe Donasiyano NIBIZI, ari mu bagize sentare ijejwe ubutunzi bwa Leta, Cyrille NKANUYE, Yudita NDAYISHIMIYE hamwe na Gasiyano SINDAYE bagiye kuba bamwe mu bagize sentare idasanzwe ijejwe ibijanye n’amatongo hamwe n’ayandi matungo CSTB mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru.

Ivyo birori bikaba vyarangijwe n’ugufata isanamu y’abagize umuryango mushasha wa Leta y’Uburundi.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel