Scroll to Top

Isango ryobereyeko inama y’abakuru b’ibihugu bigize EAC ryasubiye kwunguruzwa

By La Rédaction / Published on Friday, 28 Apr 2017 00:07 AM / /

Inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko yari itegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 10 Rusama uwu mwaka yaraye isubiye kwunguruzwa bisabwe na Perezida w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta.

Perezida w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta akaba atanga insiguro y’iyunguruzwa ry’iryo sango ko ritumwe n’uko afise ibitegerezwa gukorwa vyinshi muri ayo magenekerezo bitomworohereza kwitaba iyo nama akaba yasavye ko boyungururiza kw’igenekerezo rya 20 Rusama uwu mwaka.

Ubwa mbere, iyo nama ikaba yari yategekanijwe kuzoba kuwa 6 Ndamukiza uwu mwaka bisabwe na Perezida Benjamin William Mkapa, yamara bikaba bitahavuye bikunda ko iba kuri iyo genekereo bivanye n’uko uwo musi wahuriranye n’aho Uburundi bwibuka imyaka 23 irangiye hagandaguwe bunyamaswa uwahoze aramutwa igihugu cacu, Perezida Cyprien Ntaryamira.

Mwomenya ko bimwe mu vyitezwe kuzokwirwa muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko ko hazoba harimwo, nk’uko vyasabwe na bwana William Mkapa, ukwigira hamwe ikibazo c’ibiganiro bihuza abarundi kugira barabe ko bogitorera umuti urama.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel