Scroll to Top

Bariyamiriza ivya vuzwe na Cedric Bangy

By KING YANN COOL / Published on Friday, 28 Apr 2017 18:05 PM / /

Ivyashikirijwe na Cedric Bangy ko ahagaritse Bruno Simbavimbere mu mabanga y’ukurongora ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi ngo ni ubujuju butagira izina.

Mu gihe Bruno Simbavimbere na Romeo Ninahazwe baheruka kumenyesha ko bashizeho umurwi utwara ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, abakeba babo batwarwa na Cedric Bangy nabo bahavuye bamenyesha ko bashinze umurwi utwara abiyemeje kunagura iryo shirahamwe.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’abegamiye Cedric Bangy rumenyesha abagize uwo umurwi haribonekejemwo udukosa twavuzweko amajambo atari make n’abantu benshi ku rubuga rwa Facebook. Aho abatari bake babatera ivyatsi ivyakozwe.

Abaririmvyi b’ibihangange kandi b’ibicocoro ntibabona neza ico gikorwa cakozwe n’umurwi wegamiye Cedric Bangy. Ku bwabo ngo hari kubanza hakaba ukuyaga hagatorwa umuti w’ikibazo gihari.

Abo baririmvyi begamiye Cedric Bangy ntibahagarikiye ngaho kuko bamenyesha ko bagiye kwugurura ibiro eka banugurure umurongo wa terefone  bashobora kuzohora baronderwako, eka n’amakarata y’abayoboke babo akaba ngo agiye gusohorwa.

Nayo ku majambo yashikirijwe na Cedric Bangy muri Video iheruka gukwirakwizwa  hirya no hino ngo n’ubujuju butagira izina nkuko biboneka kumbuga ngurukanabumenyi. Ayo majambo nayo akaba yamenyeshe ko umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi ahagaritswe mu mabanga yiwe mu kiringo c’umwaka wose.

Mwomenya ko abo baririmvyi begamiye Cedric Bangy bamenyesha  ko bashaka ko hatunganywa amatora y’umukuru w’iryo shirahamwe, Bruno akahava burundu. Inzira y’ibiganiro yo kuri izo mpande zose uko ari zibiri ikaba ikigoye guca.

16,197 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel