Scroll to Top

Gospel | Fortran ariko yitegurira igiteramo c’i Bujumbura

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 30 Apr 2017 15:09 PM / /

 

Fortran Bigirimana buca akora igiteramo I Bujumbura naho, inyuma y’ico aheruka gukorera I Gitega.

Inyuma y’igiteramo Fortran Bigirimana yakoreye mu ntara ya Gitega, yahavuye amenyesha ko agiye gukora n’ibindi biteramo mu kwezi kw’indwi I Bujumbura.

Fortran Bigirimana akaba ashima Imana yo yamufashije kugira Ico gikorwa agishikeko, inyuma y’imyaka itatu atabasha guhura n’abarundi aha Iwacu.

Fortran Bigirimana akaba atamenyesheje Ku rupapuro ndangagiteramo uwo bazoba barikumwe muri Ico igiteramo, hamwe n’ikibanza bazokoreramwo. Ariko akaba yabashije kumenyesha itariki gusa, aho azoba ari igenekerezo rya 7 na 9 mukakaro(7).

Fortran Bigirimana akaba ariko akora ibiteramo hano inyuma y’ibitari bike yakoreye mu Rwanda co kimwe no Ku mugabane wa Buraya.

18,380 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel