Scroll to Top

Intumwa ziwe zitezwe i Bujumbura kuri uno wa kabiri

By La Rédaction / Published on Tuesday, 02 May 2017 05:31 AM / /

Intumwa z’umufasha mu biganiro bihuza abarundi ziherekejwe na ambassadeur David Kapia zitezwe gushika i Bujumbura kuri uno wa kabiri nk’uko bwana Mkapa yaheruka kubishikiriza mw’itangazo yashize ahabona mu mpera z’iyi ndwi iheze.

Benjamin William Mkapa, umufasha mu biganiro bihuza abarundi

Mw’itangazo umufasha mu biganiro bihuza abarundi, bwana Benjamin William Mkapa yaheruka gushira ahabona kuwa 30 Ndamukiza twaraye duhejeje, yamenyesha ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 2 Rusama ko arungika intumwa ziza kuba ziherekejwe na ambassadeur David Kapia, bakaba bitezwe gushika i Bujumbura uno musi nyene.

Nayo ejo ku musi wa gatatu, izo ntumwa zikaba zitegekanya kuzobonana n’abaserukra amasengero n’amadini atandukanye asanzwe akorera mu Burundi, abaserukira urwaruka n’abapfasoni batashoboye kuronka akaryo k’ukwitaba mu biganiro bihuza abarundi biherutse kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Izo ntumwa kandi zikaba zitegekanya kuzosimbira mu gihugu c’uBuganda kugira ngo zibonane n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, abaserukira urwaruka hamwe n’abapfasoni basanzwe barahungiye muri ico gihugu.

 

4,347 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel