Scroll to Top

Ambassadeur Willy Nyamitwe ahava yishura ku bibazo vy’ abamenyeshamakuru

By La Rédaction / Published on Wednesday, 03 May 2017 08:56 AM / /

Mu ntumbero y’ukwifatanya n’abamenyeshamakuru baramutse bahimbaza umusi mukuru wahariwe ukumenyesha amakuru, umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yashimye kugirisha ikiganiro aho aza kwishura ku bibazo bitandukanye vy’abamenyeshamakuru.


Kuri uno musi uri hejuru igenekerezo rya 3 Rusama umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Ambassadeur Willy Nyamitwe araza kwishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru bitandukanye.

Uko bisanzwe bitegekanijwe, ico kiganiro kiza gutangura guhera igihe c’isaha imwe y’ijoro (19h00) gushika igihe c’isaha zitatu z’ijoro (21h00).

Ico kiganiro Ambassadeur Willy Nyamitwe aza kugira kikaza kubera Ku rubuga ngurukanabumenyi “Twitter”, hashtag ikaza kuba ari #AskNyamitwe nk’uko tubikesha urubuga rwa Twitter rwa Leta y’uBurundi.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel