Scroll to Top

Intumwa za Mkapa zaraye zitanguye imibonano n’imirwi itandukanye

By La Rédaction / Published on Thursday, 04 May 2017 01:37 AM / /

Intumwa z’umufasha mu biganiro bihuza abarundi zaraye zitanguye imibonano n’imirwi itandukanye igizwe canecane n’abaserukira amasengero n’amadini atandukanye yemewe n’amategeko mu Burundi, abaserukira urwaruka, abapfasoni hamwe n’abaserukira amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike.

Izo ntumwa zikaba zigizwe n’aba diplomates bagera kui batanu barimwo n’uwahoze aserukira Tanzaniya mu Burundi, Ambassadeur Bernard Mdolwa.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa 3 Rusama waraye uheze, izo ntumwa za bwana Mkapa zikaba zarashoboye kubonana n’abaserukira imigambwe itashoboye guserukirwa mu biganiro biherutse kubera i Arusha mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya mu kwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka hamwe n’abasanzwe baserukira amadini, urwaruka, abapfasoni hamwe na société civile.

Kuri uno wa kane naho, izo ntumwa zikaba zitegekanya kuza kugabura mu mirwi abaza kwitaba iyo mibonano kugira ngo bashobore gutanga ivyiyumviro ku bintu bigera ku munani biherutse kuganirwako mu biganiro biherutse kubera i Arusha mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

5,562 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel