Scroll to Top

Abanonotsi bakomeye bagiye kwitabira “Bujumbura Run Peace”

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 04 May 2017 12:19 PM / /

Mu mpera za kuno kwezi kw’igenekerezo rya 27 Rusama(05) harategekanijwe hano mu gisagara ca Bujumbura, ibirori vy’ukwinonora imitsi bizohuza urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura. Ibirori vyitiriwe Bujumbura Run Peace, bikaba vyatunganijwe n’ishirahawe rihuza urwaruka rwo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ( Afrika Mashariki Fest).

Abanonotsi bakomeye muri kano karere baritezwe mu gisagara ca Bujumbura, kugira baze gutera iteka ivyo bikorwa.

Nk’uko bimenyeshwa n’abaserukira Afrika Mashariki Fest, hano mu Burundi, n’uko imyiteguro ibandanya, guhera mu ndwi iza, abantu bifuza kuja muri iryo siganwa bakazotabgura kwiyandikisha.

Mu bihangange vy’abanonotsi bitezwe, aho twovuga:

  1. Haile Gebrselasie w’umunya Ethiopia, akaba amaze gutwara amahiganwa atandukanye kw’isi,¬† ku metero ibihumbi (5000) n’ibihumbi 10 (10000). Imidali ibiri y’inzahabu mu nkino za Olympique.

2. Katherine Ndereba: umunya kenyakazi,¬† nawe yabaye icamamare muri Marathon¬† mu myaka y’2004-2008

3. Izina rikomeye kuri uno munsi muri Marathon ku mugabane w’isi, Stephen Kiprotich ava mu gihugu c’Ubuganda, afise umudali w’inzahabu mur nkino za Olympique z’i Londres mu mwaka w’2012 muri Marathon.

Kuvyerekeye abanonotsi b’abarundi bakomeye nka Niyonsaba Francine, bakaba batarashobora kumenyesha nimba bazokwitabira ivyo birori, bakaba bakiriko bavugana n’abariko barabitegura.

3,555 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel