Scroll to Top

Ikigo ARCT kiramutswa umuyobozi mushasha

By La Rédaction / Published on Saturday, 06 May 2017 01:20 AM / /

Umukuru w’igihugu cacu Petero Nkuruziza yaraye ateye umukono kw’ibwirizwa rigena umuyobozi mushasha w’ikigo ARCT agiye gusubirira uwahora akirongoye.

Nk’uko bibonekera mw’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu inomero 100/81 ryo kuwa 5 Rusama 2017 rigena umuyobozi mukuru w’ikigo ARCT (Agence de Régulation et de contrôle des Télécommunications), Ir Donatien MANIRAMPA niwe yaraye agenwe kugira ngo ashobore kuyobore ico kigo ARCT.

Ir MANIRAMPA akaba asubiriye Ir Déo RURIMUNZU yahora aramutswa ico kigo.

Iryo bwirizwa ry’umukuru w’igihugu rikaba ritegerezwa guheza rikaja mu ngiro umusi nyene riba ryatereweko igikumu.

2,240 total views, 1 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel