Scroll to Top

Bimwe mu biri mu cegeranyo umurwi CNDI waraye ushikirije Perezida Nkurunziza

By La Rédaction / Published on Saturday, 13 May 2017 08:48 AM / /

Nk’uko vyashikirijwe mw’itangazo ryo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Rusama, umurwi w’igihugu wigenga ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi, CNDI mu mpfunyapfunyo y’ururimi rw’igifaransa, waraye ushikirije umukuru w’igihugu cacu, Petero Nkurunziza, icegeranyo c’igikorwa uwo murwi w’igihugu wari umazemwo imisi guhera kuwa 23 Gitugutu 2015.

Ico cegeranyo kigizwe n’impapuro 86, nk’uko umukuru w’uwo murwi Mgr Justin Nzoyisaba abishikiriza, ngo kikaba kivuga mu ncamake ivyiyumviro vy’abarundi baharurwa mu bihumbi mirongo ibiri na bitandatu bashoboye gufata ijambo muri ivyo biganiro.

Muri ivyo vyiyumviro vyashikirijwe n’abenegihugu, ngo uruhande runini rw’abanyagihugu bipfuza ko ibwirizwa nshingiro ry’u Burundi ryohinyanyurwa, ugukuraho ibijanye n’ukugira ibiringo ntarengwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu, aho yamara umukuru w’umurwi CNDI akamenyesha ko hari n’ikindi gice c’abanyagihugu bipfuje ko ibijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu ntarengwa ko vyobandanya vyubahirizwa kuko ngo ari ikimenyetso ca demokarasi mu gihugu.

Eka hari n’abandi banyagihugu bashoboye kuganira n’uwo murwi ngo banagarutse ku bijanye n’umutekano w’igihugu, iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’ibindi.

Musenyeri Justin Nzoyisaba akaba yarangije iryo tangazo ashikiriza ko ivyanditswe muri ico cegeranyo atari ivyo uwo murwi wakuye mu kirere yamara ko ari ivyiyumviro vyashikirijwe n’abanyagihugu bashoboye kuganira n’uwo murwi.

2,409 total views, 1 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel